Watch Loading...
EuropeHomePaper Talk

Paper Talk[Europe]: Arsenal yatanze igisubizo cyayo ku makipe yifuzaga Leandro Trossard, isoko ry’Igura n’Igurisha muri Arabie Saoudite rirafunga none!

Liverpool   muri iri  soko  ry’igura n’Igurisha  ry’impeshyi   ya  2024  yagerageje   gusinyisha  Umunya-Nigeria  Victor Osimhen, 25,   gusa yasanze yari  bubangamirwe n’umushahara uri  hejuru birangira  iyi kipe y’umutoza  Arne Slot  itamuguze. (Corriere dello Sport – in Italian)

Umunya-Brazil   w’Imyaka  31  Alex Telles   yamaze   gusesa  amasezerano  n’Ikipe  ya  Al Nassr yo  muri Saudi Arabia  muri Saudi Pro League, uyu  musore wanyuze  mu makipe atandukanye  arimo  Sevilla, Manchester United ndetse n’andi atandukanye.(Fabrizio Romano)

Umwongereza    w’ikipe  ya Newcastle United   right-back Kieran Trippier  yifujwe  n’amakipe  atandukanye   yo  muri  Saudi Arabia  muri shampiyona   yabo  ya  Saudia  Pro League  uyu musore  w’imyka  33  (Sun)

Umunya-Brazil   Marcos Leonardo  yamaze  kurangizanya  n’ikipe  ya  Al Hilal  yo muri  Saudi  Pro  League  ava  mu  ikipe ya  Benefica  yo  mu gihugu cya  Portugal   aho  agomba  gutangwaho  asaga  €40m  ndetse    akazahabwa  umushahara  wa  €5m,  isuzuma  ry’ubuzima  rirabera  mu  Bufaransa  I Paris  ku  munsi  wejo .(Fabrizio Romano)

Newcastle United   yahakanye   amakuru   ajyana  umusore  wa  yo  Kieran Trippier   muri   Saudi Arabia  cg  mu gihugu cya Turkey dore ko muri ibibihugu isoko  ry’igura  n’igurisha  rigifunguye , muri  Saudi Arabia rirafunga  kuri  uyu wambere  tariki ya 02  Nzeri 2024  mu gihe muri Turkey rizafunga   ku   ya   18 Nzeri  2024. (Talksport)

Umunya-Brazil   Willian Borges da Silva 36,  wanyuze  mu  makipe atandukanye mu  gihugu cy’Ubwongereza   arimo  Chelsea , Arsenal  Fulham ubu  agiye gusinyira  ikipe  ya   Olympiakos   yo  mu gihugu cy’Ubugereki   ndetse  yamaze  kwerekeza  iya  Athens  . (Fabrizio Romano)

Memphis Depay, 30,  ashobora   kwerekeza  mu  ikipe  ya  Sevilla   dore  ko  uyu  musore  w’Umunya- Netherlands  ntakipe afite nyuma yo  gutandukana   n’ikipe ya  Atletico Madrid. (Marca – in Spanish)

Paris Saint-Germain  yamaze  kumvikana  n’ikipe  ya  Al Ittihad  ku  bijyanye  na  Danilo Pereira mu kwerekeza  muri  Saudi  Pro League  mu  ikipe ya Al Ittihad  uyu  Munya-Portugal  w’Imyaka 32.(Fabrizio Romano)

Umusore  w’Ikipe   ya  Newcastle United  akaba  akomoka mu  gihugu   cya  Ireland  y’Amajyaruguru Jamal Lewis, 26,  agiye  kwerekeza mu ikipe  ya  Sao Paulo   mu gihugu cya  Brazil. (Belfast Telegraph)

Arsenal  yamaze  kumenyesha  ikipe   ya  Al Ittihad  umwanzuro  wa  yo  ku  kifuzo   cyabo  cyo  kubagurisha  Umubiligi  Leandro Trossard  kuri €35m  aho iyi  kipe y’umutoza  Mikel Arteta  yavuze  ko  ntagahunda  bafite  yo  kumugurisha . (Fabrizio Romano)

AS Roma  igiye  gusinyisha  Umunya- Spain  Mario Hermoso, 29,  udafite  ikipe kugeza  ubu  nyuma yo gutandukana  n’ikipe  ya    Atletico Madrid muri  iyi mpeshyi  ya 2024. (La Gazzetta dello Sport – in Italian)

Rutahizamu   wa  Oxford   Mark Harris, 25,  aracyari  mu migambi  y’Ikipe  ya  Holstein Kiel   yo muri  shampiyona   y’Abadage  Germany Bundesliga. (Sun)

Roma nanone  iri  mu biganiro  n’Umudage   Mats Hummels, 35, kugirango  ayisinyire   nyuma  yo  gutandukana  na   Borussia Dortmund  nk’umusimbura  wa  Chris Smalling, 34,   ugiye kwerekeza  mu ikipe   ya  Al-Fayha   muri  Saudi Pro League club . (Sky Sports Italia)

Leave a Reply

Your email address will not be published. Required fields are marked *